Uburundi Bgungutse umuririmvyikazi mushasha w’ Indirimbo za Gospel “Anrison Vestine”

By  |  0 Comments

Mu ndirimbo Kora iheruka gukorerwa amasanamu, Vestine agaruka ku bukuru n’ubushobozi bw’umwami wiwe Yezu kirisu.

Uko imisi ihera niko Uburundi buguma bubona abandi baririmvyi n’abaririmvyikazi bafise ibikorwa bishasha kandi vyiza, eka mbere abaririmvyi bafise ingabire zishobora gushikana Uburundi kure kandi bukemenyekana ku bikorwa vyiza bihari aha Iwacu.

Anrison Vestine n’uwundi muririmvyi yahora mu gifuri ariko muri kino gihe inyuma y’ugusohora akaririmbo Kora yagiye ku muco noneho ubu hagiye kuza haramenyekana ivyiwe. Ako karirimbo kakaba kari mu mudiho bakunze kwita uw’ikinyafirika kandi ikaba irimwo ubutumwa buganisha mw’Ijambo ry’Imana cane cane gushima.





Iyo ndirimbo “Kora” imara iminota 3 n’amasegonda 32, agaruka cane cane ku bukuru n’ubushobozi bw’umukiza Wiwe Ywezu kirisu. Vestine abwira kirisu ko yokwerekana ko igihe avuze atawumuvuguruza, ko asanzwe ahagarara bwuma agashigikira ijambo ryiwe.

Ako karirimbo abatari bake mu bamaze kugira ico bakavuzeko ku rubuga rwa Facebook bemeza ko karyohera ugutwi kagashika ku nyota y’abafise inyota y’Ijambo ry’umukama. Abenshi nabo nyene bakabandanya bamutera intege ngo abandanye atera imbere, bamwe bamwe nk’umuhinyanyuzi Mshindi we akemeza ko uwo mwigeme afise kazoza Keza.

Kora ya Vestine ikaba yakozwe amasanamu n’umuhinyanyuzi Prince Mshindi muri Igicapo Lens, nayo amajwi akaba yakozwe n’umuhinyanyuzi Munezero Floris muri FDone it. Nayo kubona uwo mwigeme ubwiza yari yifitiye muri ayo masanamu yabuhawe n’umurundikazi Josiane Umutoni asanzwe afise intoke z’igitangaza, eka akaba aboneka muri Making Of y’iyo ndirimbo ari nawe ariko aramwambika kandi atunganya ibibanza bariko bakoreramwo.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi nkuko biboneka ku rubuga rw Youtube rwiwe ko atari indirimbo yiwe ya mbere ahubwo yarafise izindi ndirimbo nka Haleluya, Ndakubohora hamwe n’izindi ndirimbo z’abandi yagiye asubiramwo. Uwo mwigeme akaba asanzwe anavuza ibicurarangisho nka Guitare.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar