Shemeza Artist Award 2017: Ngaba baririmvyi babonetse bazohiganwa mw’ ihaganwa uno mwaka.

By  |  0 Comments

Kuruyu wamungu uheze egenekerezo rya 05 Ntwarane, 2017 niho Shemeza yugara iyandikisha ry’ abaririmvyi bapfuza guhiganwa mw’ ihiganwa rya Shemeza Artist Award 2017. Habonetse abaririmvyi bane biyandikishije nkuko mubabona mu mapica.

Uko ari bane (Eze Kwizera, Witness Kabura, Irankunda Mireille, Sauti Ya Michael), nibo bagiye guhiganwa mumahiganwa ya Shemeza Artist Award 2017. fsfsa

Ama video yabo bariko baririmba azoshigwa kuri website ku wagatanu igenekerezo rya 17 Ntwarane (March), 2017 kugira abanywanyi bazocagure abo bipfuza kwinjira muri FINALE concert.

harabaye impinduka gato kuri program twatanze kuko igitigiri c’ abiyandikisha twari tweteze atarico twaronse, Episode yambere yaciye ikugwaho, ubu FINALE niyo isigaye. Muraba bane, batatu bazoronka amajwi menshi nibo bazokwinjira muri FINALE concert izobera muri Rock Island, Illinois, igenekerezo rya 22 Mukakaro (July), 2017. Ariko kandi uwo umwe atazoronka amahigwe yo guhiganwa muri FINALE, azotumirwa ashike yerekane ingabire yiwe imbere y’ abanywanyi biwe bazoba bamutoye.

Twitegure rero gushigikira abaririmvyi bacu mu gutora kubginshi. Tuzotanga amayinga abiri yonyene yo gutora. nukuvuga tuzokwugurura gutora itariki 17 Ntwarane (March), twugare itariki 1 Ndamukiza (April), 2017. Kaze mw’ igihanwa rya Shemeza Artist Award 2017




Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar