Eze Kwizera niwe yatsindiye Ihiganwa rya Shemeza Artist Award 2017

By  |  0 Comments

Nkuko mubibona kuriyo picture hejuru, Uwambaye ishati year n’ umukuru w’ ikampuni ya Shemeza ariko aha Trophy Eze Kwizera ariwe yatsindiye ihiganwa rya Shemeza Artist Award 2017. Uno muririmvyi agize amahigwe yo gutsindira amahiganwa ya Shemeza Gospel Awards incuro z’ ibiri zose, yo mu mwaka wa 2016 no muruno mwaka wa 2017.

Abo mubona nibo bariko bahiganwa mu gice canyuma (FINALE) mu giteramo ca Shemeza Gospel Awards cabereye muri Rock Island. Mu bubamfu ni Irankunda Mireille, hagati ni Okito Mulenga, muburyo ni Eze Kwizera. Benshi mwari muzi ko Witness Kabura ari we yari muri bamwe bari mugice canyuma, ariko ntivyashobotse kwahashika, Okito Mulenga niwe yaciye amusubirira akaba ari we kandi yaciye atsindira ikibanza ca Kabiri, Mireille Irankunda nawe atsindira ikibanza ca gatatu.

Kampuni ya Shemeza Ivuga ko Eze yahejeje amahigwe yiwe yo gihuganwa kuko amaze gutsinda incuro zibiri zose. Mireille na Okito baracafise amahigwe yo kwiyunga bakinjira kandi mumahiganwa yo mu mwaka uza wa 2018.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar