Seth Kaburungu ati Album yari yimirije gusohora yayisibije

By  |  0 Comments

Apostle Seth K. Vyamungu amenyekana cane kwizina rya Kaburungu, yamenyesheje abanywanyi bose yongera abasaba nimbabazi kuko yari yaratangaje no kuma radio kwagiye gusohora Album yiwe yari yise “Hatubadiliki” ariko ntivyabaye bigishoboka.

Impambu uno muririmvyi, avuga ko yagomvye gukora ibitandukanye kuko ubu ariko ariga izindi style zibereye kumuririmvyi aririmba arumwe. “Ego nta kinini kizohinduka ariko nkubu ndiko ndiruka muri vyinshi rero kwimenyereza kurizo style nshasha ndiko ndiga birangora kuko ntaronka umwanya ukwiye kuko mpaye ngerageza kwiruka no gushira ubuzima kumurongo.” arongera kuvuga “kandi rero sivuba nzokora album kuko ntarabishira mumipango, canke mumyiteguro; ariko mpaye ngerageza gukora uko nshoboye kwose mpfume ndayihora vuba aho nshoboye kugira nshitse isezerano nari narasezeranye kandi Izina ntirizohinduka rizoguma kuri “Hatubadiliki” ariko indirimbo nka zose nari narateguye ubwambere zizohinduka”

Apostle Seth Kaburungu avuga kandi ko agiye kubandanya asohora ururirimbo rumwe rumwe kugira abanywanyi bagume hafi y’ibikorwa vyiwe canke no kubandanya yongerereza abanywanyi hirya no hino. Yongera atera akamo abanywanyi kubandanya bumviriza indirimbo ziwe bongera banafashanya gutangaza ibikorwa vyiwe kugira imirimo ibandanye ija imbere.

Umviriza ururirimbo “HATUBADILIKI” Kanda hano

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar