Janvier Majambere kubikorwa vyo gufasha abatishoboye no kubahumuriza mw’ Ijambo ry’ Imana muri Africa

By  |  0 Comments

IMG-20160721-WA0019

 

Jamvier majambere n’ umuvuga butumwa (Evangelist) akorera mw’ ushengero rya Light Mission Pentecostal Church Knoxville Tennessee. Janvier yitavye umuhamagaro yahamagawe n’ Imana wo gukwiragiza butumwa no kuremesha abari m’ ubuzima butoroshe nk’ ababaye mu makambi.

Mu kwezi kwa gatatu n’ ukwakane umwaka wa 2015 niho Janvier yagenda muri Africa ashika munkambi ya kakuma Camp iri muri Kenya ahakorerayo ibikorwa vy’ Imana mukuvuga ubutumwa hamwe no gufasha bamwe mubari bakeneye imfashanyo. Ava Kenya ashika mu nkambi y’ inyarugusu iri muri Tanzania, naho nyene ahakorera ibikorwa vy’ Imana no gufasha abari batishoboye. Yongera ava mu nkambi ya Nyarugusu ashika m’ uburundi mu ntara ya Rutana, Makamba na Bururi mu ntara ya Rumonge. Aho hose yagenda yigisha ijambo ry’ Imana aremesha abantu yongera abafasha mu buryo ukw’ ashoboye mu vy’ umubiri.

Janvier Majambere avuga ko ar’ igikorwa yumva muri we nk’ umuhamagaro wo kuzokwama agenda yigisha ijambo ry’ Imana no guhumuriza abari mubuzima bugoye mu bihugu vya Afrika y’ Ubuseruko. Imana niyamwugururira inzira avuga ko azoshobora no gushika mu bindi bihugu mu bisagara bimwe bimwe aho benshi bakeneye guhumurizwa mu buryo bga Mpwemu no mu vy’ umubiri. Evangelist Majambere avuga ko yifuza gukorana n’ amashengero atandukanye kugira bimufasha cane mu kubandanya igikorwa Uhoraho yatanguje muri we, kandi agasaba kur’ abo bose bafise umutima wo kumushigikira bakamufata kumugongo, bashobora kumwakura bakayaga uburyo bofashanya kuko ari igikorwa gikomeye.

Evangelist Janvier Majambere yararoraniwe gukora igitaco c’ ibimenyesha ibikorwa yakoze mur’ urungendo rwiwe rwambere mu kwezi kwa gatatu n’ ukwakane k’ umwaka uheze wa 2015. Ipica yo hepfo n’ ifoto yafotowe muri co gitabo iranga bimwe biri muri co gitabo ca Newsletter. Kandi Evangelist Majambere akavuga ko ushobora kuronka ico gitabo mukavugana kuko nawe bimufasha mukubandanya akora ico gikorwa, ico gitabo kiratangwa kubazomuhamagara bose.

IMG-20160721-WA0013

 

Ushobora guhamagara Evangelist Janvier Majambere ku namba zikurikira 270-320-2575 USA

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar