Ingoma z’Intambo y’ akaranga zatanguwe kuvuzwa mumasengero muburyo bwo guhimbaza Imana

By  |  0 Comments

ingoma

Mu Burundi, ingoma zisanganywe icubahiro n’insiguro itari nto. Akahise k’igihugu kigisha ko zatanguye kuvuzwa mu gihe co kwimika umwami wambere ari we NTARE RUSHATSI CAMBARANTAMA, aho rero waciye uba umugenzo, abami bose babandanirijeho mu guha agaciro ingoma. Ntawokwirengagiza ko ubutegetsi bw’umwami bwitwa ingoma nk’akarorero “ingoma ya NTARE, ya MWEZI, … n’izindi”. Mu Burundi kandi haramyeho ingoma zibiri arizo KARYENDA na RUKINZO, zikaba zari zifise insiguro ikomeye na cane cane mu bihe vy’ukwimika uwami canke ku musi w’UMUGANURO, bikaboneka ko zari zimwe mu nkingi z’ubwami bw’Uburundi. Ku vyerekeye umurisho, birazwi neza ko atari aho hose canke igihe ico ari co cose wapfa kuvugirizwa. Aho hambere, Umurundi wese aramutse yumva aho umurisho usamirana, yaca amenya ko hari ibidasanzwe, mbere uwutawubahirije yarashobora no kubihanirwa nk’uwamenje. Wakunda kuvuzwa kenshi na kenshi mu misi mikuru itewe iteka n’abatware, ariko vyose bikaba mu ntumbero yo guha icubahiro umwami.

Mu nyuma rero, ijambo “ingoma” ryahavuye ritangura gutakaza igitinyiro. Aho ni mguhera mu bihe vy’ubukoroni, aho Abazungu binjiye mu gihugu cacu bakaza bigisha imigenzo yabo, bakigisha n’ubundi buryo bwo gusenga Imana umuntu adaciye kuri Kiranga nk’uko ba Sogokuru bari basanzwe babikora. Icababaje benshi, ni ukubona bonyaga za ngoma zibiri ari zo KARYENDA na RUKINZO bakazijana iwabo, aho ubu Umurundi azibona arinze kubagendera. Uko imyaka igenda irahita, ni ko ingoma zigenda ziravuzwa aho zitari zaramenyereye kuvugirizwa. Aha twovuga nko ku manza z’ukwubaka ingo(ubugeni), kubatirisha abana, n’izindi. Ariko rero ivyo benshi ntibabinezerererwa, na cane cane abatama bakunda akaranga bamwe mu zindi ndimi bita “les conservateurs”, bakidoga bavuga ko ari uguhamba imico n’imigenzo. None iyo myidogo yoba ifise ishingiro? Ico tutokwirengagiza ni uko abazungu ari bo bazanye inyigisho z’ubutumwa bwiza mu gihugu cacu, kandi abashingantahe nka bose bakaba barakurikiye inyigisho za gikristo.

Hamwe n’ivyo, ikinyamakuru canyu “Burundian Gospel Entertainmen” cahavuye kiganira uwusanzwe arongoye umugwi w’abatimbo bo mw’ishengero ry’abagenzi mu Burundi (Evangelical Friends Church) ahitwa mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, hakaba hari hamaze imisi ine hari igikorane kitasize inyuma umurisho mu vyakiremesha. Florent NIYONZIMA yashoboye kuganira muri make na Burundian Gospel Entertainment: BGE.murashobora kutubwira icatumye mwiyumvira gukoresha umurisha mu rusengero? F.N.: mu mugwi wacu wo kuririmba twariyumviriye dusanga harageze ko dukoresha umurisho mu guhimbaza Imana kubera kera bawukoresha mu gutambira Kiranga canke mu kunezereza umwami, mu gihe Umwami twe dutambira ari we Kibirengeye. Iyo tuvugije haza benshi kuraba, bigatuma hambavu yo guhimbaza Imana tuboneraho n’akaryo keza ko kubabwira ubutumwa bwiza. BGE.ko umengo hariho abidoga yuko ingoma zisigaye zivuzwa mu buryo butabereye, ubwo ntimuzohava mwitwa abononyi b’akaranga mugasanga mubaye mu batanga akarorero kabi?

F.N.usomye no mw’Ijambo ry’Imana, kuva kera umwami Dawidi yaratambira Imana kandi mu vyo yakoresha harimwo n’ingoma. Aho rero sinumva icotuma twagirizwa kwonona akaranga k’Abarundi. Ahubwo ni akaryo keza ko guhimbaza mu mvyino z’iwacu kuko ntitwoguma dukoresha imidiho y’ikizungu mu gihe n’ivyanditswe vyeranda(Bibiliya) vyahinduwe tukaba tuvyisomera mu kirundi c’iwacu! Ehe raba hari n’abasigaye bahimbaza bakoresheje ikizulu n’izindi, tweho kuki!!? BGE.mbega none ko umengo intambo z’ikirundi si ingoma gusa, mwoba mufise umugambi wo kuzotanguza ibindi nk’intore, agasimbo n’izindi? F.N.ico nokubwira ni uko iyi ari intango, Imana ibidushoboje ntaco tutazoshikako, vyose ni buke-buke. BGE.none ko ngaha ari ku murwa mukuru w’igihugu, mwoba mugira mubere urumuri ayandi mashengero yaba aya hafi canke aya kure bityo mu misi tukazosanga hirya no hino kw’isi bijukiye umugambi nk’uyu wanyu? F.N.je nzi ko Paulo yavuze ati munyigireko nk’uko nanje niganye Kristo! Nibaza yuko n’abandi babibona, nibabishima

bazoheza batwigireko kandi turiteguriye kuzobaha impanuro mu gihe bazoba batwituye kugira ngo igikorwa c’Imana gitere caguka. BGE.ku bijanye n’uburyo bisaba mwoba mufise ababafashe mu mugongo? Mwosaba iki? F.N.gushika ubu haracakora ukwitanga kwacu, naho ingoma zizimvye twaraziguze. Ariko rero nk’ibijanye no kuzunguruza tugiye ku mashengero atandukanye biracari ingorane kandi twari twifuza kuzishikana kure hashoboka. Vyongeye, uyu ni umushinge ariko abogira ico baduterera boduterera kugira ngo imigambi twiyemeje ntihave ipfira mu nzira. BGE.Florent NIYONZIMA, turabashimiye! F.N.na jewe ndabashimiye. ikinyamakuru canyu Burundian Gospel Entertainment kikaba gishimiye mwebwe musomye iyi nkuru, kikaba kioateye intege uwo wese afise iciyumviro co guteza imbere uburyo bwo guhimbaza Imana, murakoze.

Inkuru yanditswe na Wilson Melchior Kwizera, Mugihugu c’Uburundi!
ingoma2

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar