Cecilia Ngarama muri “The Great Army of Jesus”

By  |  0 Comments

the great army of Jesus

Umuririvyikazi Cecilia Ngarama amenyekana kwizina rya “Cecy”, Burundian Gospel Entertainment yaragerageje kumubaza ibibazo bitandukanye kuvyerekeye Umurwi yiyunze nawo muri Australia.

BURUNDIAN GOSPEL ENTERTAINMENT: The Great Army of Jesus niki kubatayizi?

CECILIA NGARAMA: The Great Army of Jesus, ni umugwi uri mwikanisa dya United !Christian Church waba youth, tukaba wabonye ko vyoba vyiza dukoranye nabandi ba youth bava ahariho hose, mumakanisa yariyo yose, ndetse nabadasenga batemera imana guko umugambi wacu aruwo gushirahamwe uruvyiruko gwose bakigishwa cane ivy’ Imana mumpemu no mukuri.

Guko uravye ubu ivy’Imana umengo ntibituraba abakiri bato, so dukeneyeko mumisi ugwaruka aribo bazovuga ubutumwa bagahindura nababakuriye nkuko ubu vyamaze gutangura. Ubu ni imigwi itatu 3 guteranya nabatari bafise aho basengera basigaye bakorana na the Great Army of Jesus, Hakaba hari nabandi bakiriko baravyumvikana kugira baze gukorana natwe. Muvyukuri biriko bigenda neza cane mbere gose guko biraboneka ko vuba tuzoba turi ugwaruka gwishi cane, ugereranije nabinjira bagaca babikunda cane bakazana nabandi.

Muri the Great Army of Jesus, dufese ibikogwa bitandukanye. Buriwa gatanu tuba turi kwikanisa ya United Christian Church kandi Imana vyukuri irako ibitangaza ntashobaye no gusigura, amasengesho yanguvu yiyo migwi ikoranye yose, ibikino vyigisha cane, intahe zitandukanye, imigwi yabaririvyi abari arivyo ntashobaye gusigura, gutamba hageze turashemagiza Imana vyukuri satani akababara cane.

Uyomusi nyene wa gatanu iyo program iheze, duca tuja muri city hagati twese kuroba abantu arinaho kandi Imana yiyerekera beshi batayiziKuwamungu kumugoroba tuja ahandi kubwijambo dyimana gusa. Muri make aha Brisbane ugwaruka twisubiyeko Imana iriko idukoresha mubudyo butangaje muguhindura abantu bayo idukoresheje.

Activities

1. Indirimbo

2. Gutamb’Irimana

3. Ibishingantahe

4. Ibikino

5. Kwiga kubwira abantu ubutumwa bwiza, nibindi…. Imigambi ya kazoza turiko dupanga igikorane Ca youth, tukazobibamenyesha ibintu bigiye mubudyo neza. Ubu twese hamwe aba youth turenaga 40.

BURUNDIAN GOSPEL ENTERTAINMENT: Mukorera muri Australie gusa? Mwoba mwifuza kujabuka ibiyaga nimisozi mukaja mubindi bihugu canke nabari mubindi bihugu bakiyunga namwe?

CECILIA NGARAMA: ubu ni muri Australia gusa ntituraronka abo mubindi bihugu biyunga, ariko babonetse bizoba ari vyiza cane. guko vyose nivyo gushira hejuru uwatubambiwe

 

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar