Urugendo rwa Seth Kaburungu muri San Antonio, TX

By  |  0 Comments

Intumwa ya Yesu (Apostle Seth K. Vyamungu) akongera akaba umuririmvyi aririmba ndirimbo za Gospel, aho aherutse kugira urugendo rwo kuja San Antonio, TX  murubanza rwari rwahariwe Alex & Esther.

Seth Kaburungu avuga ko mururwo rugendo rwiwe yashoboye kubonana numwe mubaririmvyi babigeme akomeye cane “Witness M. Kabura, Seth Kaburungu akavuga ko ryari iryambere babonana amaso kuyandi naho bari basanzwe bakorana mumugwi wa UBS Gospel “from Himbaza Collection Vol1”. Avuga kandi ko yashoboye kubona Live performance yumuhari ANGELS CHOIR from “TUVUMILIE”.

Seth Kaburungu arashima avuga ko vyamunezereje kubonana numukozi w’Imana “Pastor Amoni” kuko basanzwe baganira ariko batazinanye imbona nkubone, ariko bakaba barashoboye kubonana ati nivyo arabishima cane gose.

Aravuga kandi ko yashoboye kuhabonera benshi bari basanzwe bamuzi canke bamwumva, haba abanywanyi nincuti nabagenzi, hamwe nabo arongoye kumurongo wa CAG (CAG Tel Line Service) bavuye Michigan.

Witness M. Kabura with Angels Choir “picture taken by Seth Kaburungu from his phone”

Tukabibutsa kurwo rugendo yari yarutanguye itariki 28 zukwagatandatu, 2013, agasubira muhira Dallas, TX itariki 30 zukwagatandatu, 2013.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar