New Track: “Tuzosimbasimba” by Kaburungu FT Methuselah [Burundi Gospel]

By  |  4 Comments

Audio clip: Adobe Flash Player (version 9 or above) is required to play this audio clip. Download the latest version here. You also need to have JavaScript enabled in your browser.

Abaririmvyi bakomeye mumiziki y’Imana “Seth Vyamungu AKA KABURUNGU & Methuselah Nzisabira” bamenyekanira cane cane mumugwi wa UBS Gospel “Himbaza Collection”, baherutse gusohora kano karirimbo bise “Tuzosimbasimba” aho bakarikodiye muri Studio ya Methuselah Nz.

Inkuru itubwira neza ko Seth Kaburungu ari muri Dallas, akaba yahashitse itariki 15 Nzero (January) murino mwaka nyene wi 2013. Mubinyamakuru twabonye kumitandao, bari baravuzeko uno muririmvyi Kaburungu azosohorana indirimbo haba video canke amajwi atari make na Methuselah, none bakaba bashatse kubishira kumugaragaro ko itari imvugo gusa ariko bashishikara mubikorwa cane. Seth Kaburungu avuga ko agiye gukorana na Methuselah igihe kitari gito cane gose, kandi aremeza abanywanyi ko bagiye gukora ibintu bizobashimisha nabanywanyi bamara gushishikara babashigikiye no kubafata kumugongo. Methuselah avuga ko ugushira hamwe ari vyiza kandi bifise akamaro cane gose mubikorwa, arinaco yabonye kwari vyiza gutumako Seth Kaburungu bagakorana bari hafi na hafi kugirango ibikorwa bibandanye bija imbere, akongera akavuga: “twari nabagenzi ba hafi cane, nkabona kwari numwete mwinshi cane muri bino bikorwa, rero kuntambuko maze gushikamwo nabona ko itoherera hano. Kaburungu arazi ivyo gukora amavideo nanje nkamenya ivyo gukora amajwi, dushize hamwe tugafashanya muriki na kiriya mbona ko bikomeye cane gose naho abandi batabibona, ariko mumisi irimbere bagiye kubbibona nibamara kubona ivyo duhaye dukora”

Bano baririmvyi bavuga ko bafise vyinshi munteguro kandi ko bagiye kubishira kumugaragaro uko uburyo numwanya uzobakundira. Basaba abanywanyi kwama babashigikiye no kubafata kumugongo.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

4 Comments

  1. Profile photo of The Superlative Kaburungu

    The Superlative Kaburungu

    January 22, 2013 at 10:02 PM

    Thanks

  2. Young musa

    February 6, 2013 at 5:13 PM

    i like the song keep up guys and God Bless ya’ll

  3. pascaline

    March 10, 2013 at 9:49 PM

    oooh wooow nice song and keep up and i pray for yall keep up and read Zaburi 105:1:7 please

  4. Venasi

    May 25, 2013 at 9:14 AM

    I like this Song”
    ~Indirimbozimana~—>Venasi<_-_-_-_–www.mapambanovijana.com

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar