Mukigobe inama nshingamateka aho CNDD-FDD yagomvye guhindura ibwirizwa nshingiro

By  |  0 Comments

Ibwirizwa shingiro

Kwigenekerezo rya 21 Ntwarane (March) muruno mwaka nyene wi 2014, i Kigobe niho habaye inama nshingamateka yaho CNDD-FDD yari yasavye guhindura Ibwirizwa nshingiro yegekeye kumatora, ariko hakaba habonetse amajwi 84 mugihe inama nshinga mateka yarondera amajwi 85. Inama nshinga mateka yaciye ifata ingingo ko iryo bwirizwa ridahinduka nkuko CNDD-FDD yari yasavye ariko rica riguma uko ryari.

Bamwe mubashinga mateka barasaba reta iri kubutegetsi “CNDD-FDD kudakomeza barondera inzira zose kugirango iryo bwirizwa rihindurwe, kuko nimba inama nshingamateka yabonye ko ritohindurwa, nikunyungu yigihugu kugira ibintu bikorwe mumutekano. Ariko noneho abari kubutegetsi bakavuga ko mumabwirizwa yigihugu, ngo umukuru wigihugu aremerewe kuja mubanyagihugu akababwira iciyumviro ciwe nabo bakagira ico babivuzeko ko baryemera nuko barihakana.

Bamwe mubanyagihugu barashima kwiryo bwirizwa nshingiro yamatora ko ritahindutse, kuko ngwiyo reta igomba gushinga canke guhindura ibwirizwa nshingiro, ngo haba hari inyugu canke ivyo baba bashaka gushikako. Rero kubwinyugu yigihugu ngo vyari vyiza nkuko Inama nshinga mateka yabonye kwatari vyiza kwibiwirizwa shingiro ritohinduka bibe uko nyene.

 

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar