Ukuri kwibinyegezwa bihaye bikorwa numugambwe CNDD-FDD “Uburundi buracafise Imana”

By  |  0 Comments

CNDD-FDD

-Haheze imisi mwumva inkuru zicacagirana ko hoba hari itangwa ry’ibirwanisho mu rwaruka rwa Cndd Fdd(Imbonerakure),hakaba hari n’umugambi wo guhungabanya umutekano mu  kwica abatavuga rumwe n’uwo mugambwe hakoreshejwe ivyo birwanisho nyene.

-Ariko nashaka ndabibutse aka kajambo:”UWUZOTANGUZA INTAMBARA,IZOHERA MU RUGO IWE IHERERE MU RUGO IWE” -Abarundi bati:”Iyo irabije,umwansi n’umukunzi birajana”.

*MUTI UYO MUGAMBI UGAMIJE IKI? -Ku makuru yo kwizigira twakuye kuri bamwe mu bicocoro vya Cndd Fdd, Uyo mugambi ukaba wateguwe mu nzira yo gusamaza abarundi n’amakungu kugira ibihangange vy’intavuguruzwa vya Cndd Fdd bije muri ZUGURU ZUGURU mw’ibanga yo kugena uwoza asubirira Nkurunziza kuko ivyo kwitoza irya 3  kwa Nkurunziza babonye ko ari “UGUCISHA INGAMIYA MU ZURU RY’URUSHINGE”. *Icabataye kuwamazi rero ni ukumvikana kw’izina ryoba ryatanzwe na bamwe muri abo,uwo yatanzwe akaba ari umugumyabanga bivugwa ko yoba ari intungane,akaba atari no muri kakagwi,akaba yoba avuka mu ntara zo hagati mu gihugu,akaba kandi no mu ncabwenge uyo mugambwe Cndd Fdd ufise,ariko benshi mu bagize ako kagwi bakaba bamuhakanye. -Ako kagwi kakaba kari kipfuza ko uwosubirira Nkurunziza,yoba ari uwusanzwe ari muri ako kagwi,ashobora gukingira abakagize n’amanyanga yabo. -Icabagoye ni kubera hafi abagize ako kagwi bose ni ibihangange mu giporisi n’igisirikare vy’igihugu c’Uburundi kandi ku mapeti ya generali,bikaba vyosaba ko uwokwemera kuba umukandida wa Cndd Fdd yobanza kwamburwa iryo peti(démobilisation) kandi burundu,akaba afise n’urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza, -Uwo benshi bahurizako,yabajije ko hoba hari icizere 100% c’uko Cndd Fdd yotsinda muri 2015,habura uwumwishura,aca aba arabangiriye.

*Igituma  ngo boba batinye kwizera uwutari muri ako kagwi ni uko bibaza ko bohava basanga ari uwukorera cnk ayoboka bamwe mu bagumyabanga b’inararibonye bashaka gushira ahabona abagize ako kagwi n’amanyanga bakoze kandi bagikora,ariko bikaba bisa n’ibiriko birabasesa kuko ku butumwa baguma baronka ni uko igice kinini c’abagumyabanga bashaka ibihinduka haba muri  Cndd Fdd eka no mu mabanga yo kurongora igihugu.

*Umugumyabanga w’umwizigigwa abagumyabanga benshi bipfuza ngo kanatsinda niwe cizere canyuma Cndd Fdd ifise kuko uwo mugambwe awuzi cane,ako kagwi ntikamwerekwa kuko ngo koba gasa n’akiyahuye kabona,kuko kamutinya nk’iyirashwe. *Ico umuntu yokwibaza: -None hagati y’abagumyabanga n’ako kagwi ni nde azotahukana intsinzi?

*Ico twosaba abarundi n’incuti zabo ni ukugumya umutima,kuko “IBUYE RISERUTSE NTIRIBA RICISHE ISUKA,”.    “IYIKUBURIYE NTIKURYA”

*Tukaba tukibatohoreza n’ibindi………..”




Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar