Interview With Naasson Niyonsaba from the Album of “Mana Hindura”

By  |  0 Comments

Naasson Niyonsaba numwe mubaririmvyi baririmba indirimbo za Gospel, numwe mubatanguye vuba kandi akaba amaze gusohora album yiwe yambere yise “Mana Hindura” Iyo album igizwe nindirimbo 12! Muriyo album akaba yarashoboye gufashanya nuwundi mukenye (atari gwiwe), tutashoboye kumenya Izina.

BurundianGospel Entertainment twarashoboye kuganira nuwo muririmvyi tukaba twaramubajije ibibazo bimwe bimwe kandi mwibuke ko uno muririmvyi aba muri Pittsburg, Pennsylvania.

Twarashoboye kumubaza kwazosohora amasanamu (Music Video) yiyo album, avuga ko itazosohoka ariko kandi ntiyashimye gutanga impamvu; ico yongeyeko yaciye avuga ko ariko arategura gusohora alubamu yakabiri aho hano akiyumvira ko azoyisohora mukwezi kwakabiri umwaka uza wi 2014, avuga ko ariho azosohorera Music Video kuko iyo album yakabiri ngo izosohorana vyose CD & DVD icarimwe. Kukibazo cuko afise umugambi canke iciyumviro co kugira Igiteramo (Concert), uno muririmvyi avuga ko avyifuza cane gose kandi akaba ariko arabipanga bishobotse akagira igiteramo co kumenyekanisha canke gushikiriza album yakabiri (Album Launching), kandi avuga kwahaye yitegurira ko cobera aho aba muri Pennsylvania ngo naho atabarundi bariyo benshi.

Ingabire yo kuririmba kuruno musore “Naasson Niyonsaba” avuga ko ari impano yahawe kuko yipfuza kumenyekanisha ubutumwa biciye mundirimbo ngo benshi barahumurizwa nindirimbo abandi bakahigira vyinshi nabandi bakahakirizwa.

BURUNDIAN GOSPEL: Hoba hariho abandi baririmvyi babarundi baririmba indirimbo za Gospel ba hano USA woba uzi?

NAASSON NIYONSABA: Egome nsanzwe bamwe ndabazi, na bamwe bamwe ndabaneye kuri yo website yanyu.

Kukibazo co kuvugana nabo canke yuko boba bafitaniye imigenderanire (Communication) canke ko yoba amaze kuganira nabo; uno muririmvyi yaciye avuga ataramenyana nabo cane gose arinaco gituma bataragiriranira imigenderanire, akavuga kwasanze azi abenshi atarabarundi kandi abo akaba aribo yakoranye nabo cane. Yongeyeko avuga ko hariho nuwundi musore bigeze gukorana wumurundi (akaba ariwe yakoranye nawe gusa wumurundi) aba muri Syracuse, NY amenyekana kwizina rya MAISHARA” nguwo niwe bakoranye cane.

BURUNDIAN GOSPEL: None ko tuzi uwo aririmba indirimbo za HIP HOP, nawe warigeze kuririmba indirimbo za HIP HOP?

NAASSON NIYONSABA: Hahah ekaye gusa twarakorana mubindi.

BURUNDIAN GOSPEL: None abo bandi mwakorana bavuye mubihugu ivyahe?

NAASSON NIYONSABA: bavuye muri Congo na Ghana

Uno muririmvyi aravuga kandi ko muri Pittsburg, Pennsylvania kwahamaze umwaka umwe, ariko ava afrika yari yashikiye muri Ohio. Kuvyerekeye umuziki aravuga kwari avyicurarangira, araririmba akongera akicurarangira.

BURUNDIAN GOSPEL: vyoba vyarakubereye ivyoroshe gusohora album yambere? Abanywanyi bayakiriye gute, mbe ubona abenshi baritayeho kuyigura?

NAASSON NIYONSABA: Kuba ari iryambere kabisa vyarampa imbaraga nyinshi zo gukomeza kuko narabonye aho amakosa ari; abanywanyi bagiye baragira komantere (ivyiyumviro vyabo) kundirimbo zanje, urumva bimpa kumenya ivyo nkwiye gukora muri album ikurikira kandi ndizera iyakabiri izoza imeze neza kurusha iyambere. Kugugwa naho kweri album yanje yaraguzwe kabisa. Gusa nuko nkabo tubana ngaha usanga bakunda indirimbo zindi zo hanze indirimbo zacu batazumviriza cane, abaririmvyi bagendazaje baririmba bo mugihugu cuburundi ushizemwo indirimbo zabo bakubwira ukuremwo, urumva bo bakunda zikinyamerika eka nizindi zohanze nkaza Tanzania na Kenya.

BURUNDIAN GOSPEL:  Ivyo biriho ariko duhaye tugerageza guhimiriza abarundi bakunde umuziki wabo kandi turabona ko hariko haragira impinduka nini, ubu bahaye bagerageza kwijukira akabo.

Kuri mwe mwese mutararonka album yiwe yambere yise “MANA HINDURA”  ushobora guhamagara kuri 937-443-1286

 

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar