Interview n’umuririmvyikazi “Alice Niyogakiza” {Burundi Gospel}

By  |  0 Comments

Interview twagiriraniye n’umuririmvyikazi Alice Niyogakiza, Muri Alubamu yiwe yambere ariko arasohoza.

  • Shemeza Clouds Gospel: Mwamenye gute ko mufise ingabire yo kuririmba?

  • Alice Niyogakiza:  kubimenya kwacu nabibayemwo kuva nkirimuto numva ndabikunda ndavyishimiye numva mfis umutwaro wogusenga Imana ngo impe umutima wogukunda ico gikorwa kd integurire ninzira yo kukibandanya.kumeny kwaringabire nahawe nuko kumv nkiri muto kugeza uyumusi nguma nifuza kubibamwo cane numva ndabikunze
  • Shemeza Clouds Gospel: Ntamuntu yababaye hafi muvyo kubanenyereza kuririmba?
  • Alice Niyogakiza:  kugiti canje ntawabayeho gusa david nduwimana yaraz mur choral hakagira ico adufashije
  • Shemeza Clouds Gospel: Nigiki woba warize kuriwe nanubu kikigufasha?
  • Alice Niyogakiza: Ico namwizeko nuko ubwambere agir ijambo kd iyo arikuririmb agerageza gushira ijamb imbere bigatuma abantu bagukirwa muburyo bwogusenga kd nibimuvamwo vyose iyo ari guhimbaza ndabikunda nkakund nijwi ryiwe.
    Shemeza Clouds Gospel:  Ntabintu vyoba vyari geze kugutesha intumbero yo kubandanya kuririmba. Tuvuge nko kwiyumva umengo ntubishoboye, abantu kukwihebuza, nibindi vyinshi?
  • Alice Niyogakiza: Ivyo ntivyobura biranshikira iyo ndimur choral urasanga haza amajamb ancintege mugih natanguy iy album nayikoz bigoy kubwo gucikintege zabo tuba dukorana muri Eglise (Church)

  • Shemeza Clouds Gospel: Nukwihangana , ivyo navyo tuzobogarukako ikindi gihe kuko siwewe gusa nabandi barabicamwo vyinshi kubwa ma eglise yabo. Ufise umugambi uwuhe ushaka gushikako muriko gikorwa c’ Uburirimvyi
  • Alice Niyogakiza: Umugambi mfise ubwambere ndifuza kwaguk murikigikorwa ndifuzako abemera ibimvamwo nabatavyemera ko twoja hamwe kubwa msg zimvamwo ndifuzako numuryango wanje woterimbere nishengero nakuriyemwo nubwo haba hari abatavyemera ko nabo bogira agateka kumuririmvyi wabo yaguye imbibe.ndifuza ko kazoza kanje koba keza muburirimvyi n muruvyaro rwanje nzoshik no mubindi bihugu mpagarare imbere yamasinzi yabantu kubwuyumurimo.

     Shemeza Clouds Gospel: Upanga kuzoshika kuzorangura canke kuzoshika muriyo migambi yose gute?
  • Alice Niyogakiza: Icambere co nseng’IMANA ngwizobimfashemwo nkanayisaba kuguma munzira yayo kugira ngo izonshits kuvy nifuza nkiyikorera.nkagir numwete wokubandanya nsengera ivyifuzo vyanje

    Shemeza Clouds Gospel: Uramaze gukora urukurikirane rwa Alubamu?
  • Alice Niyogakiza: Ego iyi bariguheraheza ni album
  • Shemeza Clouds Gospel: Twarashize rumwe mundirimbo zawe kuri website kugira abanywanyi bumudiho w’Imana bumvirize, none bitege Alubamu yawe kwizosohoka ryari?
  • Alice Niyogakiza: Kubwo bataraheza guheraheza amasanamu yazo ndabitegekanya mukwezi kwakane k amasanamu yazo.
    Shemeza Clouds Gospel: Imana ikuje imbere. Ndizere nimwaheza isanamu imwe muzoturungikira twereke abanywanyi. Nigiki mwifuza kubwira abanywanyi b’ umudiho w’Imana?
  • Alice Niyogakiza: Isanamu imwe iramaze kuboneka gusa vyanse ko tuyikurungikira kuko ninini cane, mugabo hariho ukuntu bayipunguje ibiharuro hama bayishira kuri you tube,ubwo woraba ingene ubigenza ukayiraba yitwa Uhoraho by Alice Niyogakiza! Hama ico nobwira amakunzi bindirimbo zo guhimbaza Imana nuko icambere nobasaba intererano yamashengesho kugirango ubutumwa ndiko ndatanga biciye mundirimbo ndirimba buze bufashe benshi kd bunahindure benshi butume bakunda igikorwa c’Imana!
  • Shemeza Clouds Gospel: Amen. Imana ibaje imbere ndizere ko natwe tzobandanya kubasengera. Interview yacu ihagarikiye hano ariko kandi tuzobarondera duganire kubindi bibazo tuzoba dufise.
Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar