Bukuru Celestin ati Indirimbo ziwe zageze kugwego rwo gushika kuri iTunes

By  |  0 Comments

Bukuru Celestin numwe mubaririmvyi baririmba indirimbo z’Imana (Gospel), akaba amaze gusohoza Alubamu (Album) ziribi “URUGENDO”, “ITANGAZO”. Asanzwe aba muri Roanoke, VA (USA), Uno muririmvyi afise ivyishimwo vyinshi vyuko indirimbo ziwe zashoboye gushika kuri iTunes nkumuririmvyi w’Umurundi, Mwishikayo ryiwe, hari umurwi (Band) wabanyamahanga “American” witwa Snarky Puppy wo muri New York, wahuye nuno muririmvyi Bukuru Celestin, niko guca batangura ibikorwa hamwe. Muri Virginia bari bamaze gukorana hafi mubiteramo (Concerts) bitari bike, bitako barasohora ururirimbo bose bari hamwe, niko guca babandanya gusohora, izo ndirimbo zokaba zashitse no kuri iTunes.

Niteka rinini kuruno muririmvyi, kandi arabifitiye umunezero ntangere cane, kandi niteka no muri kominote yabarundi, umviriza ivyo uno muririmvyi yatubwiye.

  • Bukuru Celestin

    Ndafise ivyishimo nk’umurundi. Nk’uko nari nakubwiye, naheruka gukora album naya world Jazz band yo muri new york ikaba yasohotse itarike 30 z’ukwa 7. Inyuma y’uyo musi naronse inkuru ko inkuru yanje be nuwakinye igitari ca bass yabonetse kuri New York bass magazine

    http://bassmusicianmagazine.com/2013/08/snarky-puppy-led-by-bassist-michael-league-releases-amkeni/

    Ico kikaba ari ikinryohera cane.

    Icanryoheye kurusha nuko narungikiwe message kw’itarike 31 ko album yanje yaje mukibanza ca 8 kuri Itunes. Nizere nawe ko utahura akamaro nagateka iyo nkuru ifise. Wibuke ko Itunes ari world publisher kandi ikorera abantu bakomeye muri music. Ariko naronse ako karyo biciye kubuntu nagiriwe n’Imana nkashobora gukorana na band ikomeye. Ndashaka ko abarundi bamenya ko dushobora natwe. Turafise abantu bashobora kuririmba ndetse no gukora icarico cose. Aho rero Nteye intege buri murundi wese no kuvyo akora. Ushobora guteza imbere iki gikogwa muku download ururirimbo kuri Itunes. Wanditsemwo Bukuru Celestin, canke ukaja kuri http://bukuru.bandcamp.com/ Ushaka kumenya ivyanje musically canke n’ukuntu nashoboye kuronka uburyo bwogukorana nabo, biri kuri iyo cite nyene

    Murakoze! Bukuru Celestin

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar