Urukino Rwikarata muri CNDD-FDD, Inkuru zukuri nkora mutima zihishije

By  |  0 Comments

Husein Radjab & Petero Nkurunziza

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

-Inyuma yuko abenshi basemereye ku kiringo ca gatatu(3) c’ukwitoza kwa Nkurunziza,ashobora kuba yarahavuye aragondozwa aremerera ibihangange bimukikuje ko atacitoje,na rirya amaze guhabwa amahani n’ibihangange bitari bike vyaba mpuzamakungu cnk vy’aha iwacu.

**IMPAMVU Y’IRYO GONDOZWA.

-Mu butumwa yaronse bumwihaniza kwitoza irya 3,hoba haragiyemwo n’ijambo ryo gupfa bamuhaye uturorero kuri Sadam Houssein wa Irak,Kadafi wa Libiya eka na Bagbo wa Côte d’Ivoire n’abandi,
-Mu nyuma bamwereka ijisho rihiye arabwa n’abo yita soma mbike biwe,batipfuza kumubona iyindi ncuro na rirya atabasumvya ubuhinga ku rubuga rw’intambara.
-Maze bamwemerera ko ashikirije ingoma mu mahoro ata nduru bashobora kugira ico bamufashije mu bibazo bimuhanze.

***KUBERA IKI NKURUNZIZA ATARATANGAZA KO ATAZITOZA??

-Mu bamwegereye twaganiriye,batumenyesheje ko yari yarateguye umusi wo kubishira ahabona inyuma yaho Eduard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati asabiye imbabazi kuvyo yari yashikirije ko Nkurunziza ariwe Cndd-Fdd izoshira imbere mu matora ya 2015.
-Ariko haca haza intumwa zaha iwacu atawuramenya zarungitswe nande,zimurya akara ko yihenze akivugira ubwiwe ko atazitoza atosubira gufata ingingo nk’umukuru w’igihigu ngo zikurikizwe(akagaye kobaye kenshi mubo arangoye),abona kuba aratenyenye.

****UMUTI W’IBIBAZO BIHANZE NKURUNZIZA NA BASOMAMBIKE BIWE.

-Nkurunziza ntako atagize yumvisha abo basangiye umugambi umukandida abona yomusubirira atomutera ingorane amaze kuva ku ntebe y’umukuru w’igihugu ariko baramurahira,ahubwo bamwereka iyindi nzira yo kwegera inkona ya Cndd-Fdd l’Honorable Hussein Radjabu,ariko nabo bashiraho amahani.

*Babwiye uyo Radjabu yuko bemeye kumurekurana icubahiro,bamusubize umugambwe Cndd-Fdd ku mugaragaro,asubire awufate mu minwe nk’uko vyahoze,
-Ariko nawe abasinyire icemeza ko atazobakurikirana haba mu butungane bw’aha iwacu cnk mpuza makungu kuko atawundi bikeka yohaguruka akabashengeza kw’ijunja bafise atari we.

**Nawe abishura yuko ikibanza arimwo ubu(umunyororo)ata ngorane hamuteye na rirya imisi iriko irisunika,umugabwe nawo akiwufise mu minwe naho bo bibaza ko bawumwatse,ko ikijanye n’ukutabakurikirana mu butungane we ataco bamwononeye ahubwo igihugu c’Uburundi na beneco aribo bene ijambo.
*Ivyo bihangange bikaba vyarumiwe vyumvise inyishu ziyo nararibinye ya poritike,kuko bobo bari biteze ko atariwe yobona bamurekuye,bakamusubiza n’ivyiwe mu mwumvikano ntangere.

***Impavu y’uko kwiyegereza uwo bari barigije kure akaba ari inkuru twabateguriye ejo aho bukera…..”

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar