Umuririmvyi akongera akaba umukinyi w’inkino zimpanuro “Aline Vyuka” ahaye atambura intambwe mubikorwa vyiwe

By  |  0 Comments

Aline Vyuka numwe mubaririmvyi babarundi kandi asanzwe atuye mumugwi musanzwe muzi ukomeye urimwo abaririmvyi rurangiranwa mugisata c’indirimbo z’Imana hano muri USA  ariwo UBS Gospel (United Burundian Gospel Singers), uno muririmvyi numwe kandi mubakina inkino zo guhanura no kuremesha uncuti nabagenzi. Uno mwigeme numwe mubafise ishaka ningonga nini mubikorwa nkibi bisanzwe arivy’ inkino cane uburirimvyi. Aline Vyuka avuga ko bino bikorwa biri mumaraso yiwe kuko nibintu yiyumvamwo gukora kandi akaba azi no kwedita ama video hamwe no kumenya bimwe bimwe vya production. Nabigeme bake usanga bafise ubwo bumenyi tugiye mubintu vya production, ariko uno mwigeme avuga ko ari ibintu yifuza kumenya cane kandi agira umwete mwinshi wo kubikurikirana.

Uno muririmvyi wacu asanzwe ari n’umurongozi mukuru wa BahoWood Company, akaba ariwo mugwi akoreramwo ibintu vy’inkino. Temberera Website yabo www.bahowood.com kugira umenye vyinshi vyuwu mwigeme chamwe numugwi wabo

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar