Coming Soon New CD “Ntuma Jewe” from OBC Choir

By  |  0 Comments

Umuhari usanzwe utuye mugisaga ca Omaha witwa OBC , bariteguriye gusohora umukanda w’iradio (CD). Duciye kuru mwe mubaririmvyi amenyekana kwizina rya Eric Esron avugako Iyo CD izoba iri tayari muntango zuku kwakane murino mwaka turimwo, ariko ubu baracayigirira publicite.

Mubiganiro twagiriraniye nawe yarongeye kuvuga vyinshi atwiganirira ukuntu ikorare yatanguye nimigambo bifuza gushikako. navyo akaba aribi:

Ikwaya yacu yatanguye muri August 2010, itangugwa n’umugore wanje CIZA OBEDI (Conductor) n’uwitwa Jeacques Musavyimana (Choir Vice President) batanguye ar’imparugwa mugabo ubu tukaba tugeze kuri 24. Intumbero y’iyi kwaya n’ugusasagaza amahoro n’umwumvikano mu barundi bose. kuko yavutse mubihe abarundi bo muri Omaha Nebraska bari bafise ukwinubana kudasanzwe, kugeza ubu Amahoro akaba ari yose n’aho atariho 100%! Ikindi naco n’uko iyi kwaya ari iy’ abarundi bose, ntabwo ivangura idini, ubwoko, intara canke urukoba.

Tukaba tumenyesha abanywanyi mwese kwitegurira iyo CD niyaramuka isohotse ntuze ubure umukanda wawe

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar