New Coming soon Album “KUNG’UTA YESU” by Rose Muhando

By  |  0 Comments

Kurino Web yacu dushima kubamenyesha amakuru yabandi baririmvyi bo mubindi bihugu hasasa Tanzania kuko tuzi yuko hariho abarundi benshi bakunda indirimbo zabano baririmvyi. Nico gituma BURUNDIAN GOSPEL yashimwe kugiriranira imigenderanire na Radio Power Praise Tanzania, aho abo baririmvyi bama batangaza inkuru zabo. Nuko amakuru yabo muzohora muyabona hano kuri BURUNDIAN GOSPEL, muko basohora canke muko album yabo isohoko tuzobanza tubumvise imwe murizo nkuko Power Praise yabidusezeranye.

Umuririmvyi ruraringiranwa mugihugu ca Tanzania “Rose Muhando” yimirije gusohora Album yiwe nshasha izogenda kwizina rya “KUNG’UTA YESU”. Muriyo album uno muririmvyi wacu, indirimbo zibiri yazisohoreye muri Tanzania, izindi zitanu yazisohoreye muri Afrika yepfo, kuko iyo album irimwo indirimbo 8. Kandi kubiganiro vyiwe na radio power Praise, Rose muhando yavuze kwariko aritegurira kugira Video.

Muriyo Album, Rose muhando yavuze ko iyo album iri muminwe canke ihagarikiwe nikampuni ihambaye yitwa SONY abenshi muzi muri bino bihugu vyo hanze. Kandi muri album Rose muhando yaririmbanye nabaririmvyi bandi nka “SOLOMONI KEKE”, “WILLIAM”. Rose muhando avuga ko yarize vyinshi kuririmbana nabaririmvyi bo mugihu ca Afrika yespfo, nuko twiteze ko ino Album izoza ari rurangiranwa, kuko video izokorwa na kampani ya SONY kandi video zimwe yimirije kugenda muri afrika yepfo kuzirikodirayo.

Uno Muririmvyi kandi yavuze kwariko arategura gusohora cinema (movie), izokwerekana kuvyerekeye ubuzima bwiwe kugira ahanure canke aremeshe bandi baciye mubuzima nkubwo yaciyemwo, yuko udashobora kwihebura mugihe uri umukeneye canke aho ufise ukura kuko Imana niyo ishira umuntu hejuru, kuko witegereje ubuzima bwa Rose muhando ataraba umuririmvyi vyukuri yari ntaho nikora ariko ubu ni rurangiranwa kwisi nzima hasasa mugihu ca Tanzania.

Tuzobamenyesha vyinshi, niyamara kugira ico avuga canke niyava muri Afrika yepfo. bandanya udutemberera kugirango uzobe uwambere kuronka iyo album.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar