Inteview Eric Nsabumuremyi yagiriraniye na Seth Kaburungu {Burundi Gospel}

By  |  0 Comments

Umwe mubaririmvyi babarundi “Eric Nsabumuremyi” asanzwe aririmba indirimbo z’Imana kandi akomeye cane ngaho mugihugu ca Kenya. Uno muririmvyi akaba amaze gusohora album zibiri nkuko yavyivugiye muri Interview yagiriraniye na Seth Kaburungu. Inyuma yaho aduhaye indirimbo ziwe, niho Seth kaburungu yamusaba kugira interview nawe!

  • Seth Kaburungu                                                                                                                                                                                                                 Watanguye ibikorwa vyo kuririmba gute? Naho hari ryari?
  • hama jewe natanguye kuririmba nkirimutoya mfise imyaka cumi ntangura kuririmba muri sundayschool hama maze imyaka 12 cantangura kwiga music munyuma yahomfise imyaka 15 nihonatanguye gukunda music canekurushi bindi aho hari mumwaka wa 1999. uko niko natanguye kuririmba kandi nicogihe natanguriyeko kugera nubu ndacabandanya.

  • watanguye ryari kuja gusohoza muri Studio? hoho uburyo bwari bukworoheye?

  • Natanguye kuja muri studio mumwaka wa 2007 umugenzi wanje andihiye , hama mur 2008 ndoka uwundi andihira yindimwe, ariko muri 2009 niho naronse uburyo bwo gukora album yanje yambere iyonise <<HARACARI IVYIZIGIRO>> ariko muricogihe narinkiri muburundi.

  • Seth Kaburungu

    Iyo Album “HARACARI IVYIZIGIRO” banywanyi bumuziki boyironka gute.

  • nayo ndayifise ndashobora kuyikurungikira ariko yoyo naririmvye mukirundi gusa!

  • Kuki muri album yakabiri “SINA MASHAKA” Indirimbo nyinshi waziriimvye mugiswahili? hoho birakworohera uri umurundi?

  • Igituma naziririmvye mururimi rw’igiswahili nipfuje ko indirimbo zanje zishobora ku mvirizwa nabantu benshe message irimurizo ishikire abatari bake, nagize ubushakashatsi nsanga muburundi bakunda kumviriza indirimbo nyishi zo mururimi rwigiswahili nacane cane kukp turi muri east africa, hama ntivyoroshe kuko sururimi rwanje kavukire arik ndagerageza ukonshoboye. Imana iranshoboza.

  • Twumva ko uri muri Kenya murakakanya, wotubwira impamvu wimukiye muri Kenya? naho hari ryari.

  • Nimukiye mugihugu ca kenya mumwaka wa 2010 Icatumye nimukirayo icambere kuva kera namye mfise izondoto kuko nahoranza gutembera nkabona arigihugu ciza nikoronsemwo nabagenzi beshe. ikindi nuko nasanze kwiga biroroshe gusumba iwacu, ikindi ubumenyi bwumuziki burisumbuye gato kurusha iwacu kandi kuva kera namye nkunda music production yo muri kenya, hama basokuru<akanyoni katagurutse ntikamenya iyobweze!!

  • Seth Kaburungu

    Ugereranije isoko yumuziki muburundi no muri kenya hariho itandukaniro nyabaki niho hari umugwiza munini wabaririmvyi?

  • Eric Nsabu

    Ugerageje kuraba muri kenya niho harakarusho kok muri kenya haramategko akingira umu Artiste, naho ibisuma biri hose ariko muri kenya mugihe indirimbo yawe yakunzwe irashobora kugutuma wisununura mubuzima.

  • uripfuza gusubira muburundi? usubiyeyeyo nigiki wifuza gutwarayo kizosununura umuziki w’Imana muburundi ubona muri kenya, ibirundi kitariyo?

  • Ego cane niteguyegusubirayo kuko amazi arashuha ntiyibagira ibumbeho URUNDI niho muhira! ico nipfuza gutwara muburundu ndipfuza kwigisha nogosobanura itandukaniro rya musician or singer na worshiper kK naragize ibakwe ryo kuvyiga. turiko turayaga nabaririmvyi beshi nhasanga bataratahura itandukaniro ryivy.ikindi nipfuza kwigisha ababikunze akamaro ko guguhimbaza Imana mururimi rwiwacu kavukire.

  • hoba hari igiteramo nakimwe urakoresha canke urararirimbiramwo?

  • ego nivyishi gusa ivyiwanje ntacomperutse gukora najerutse gukora kumwe ibujumbura ahitwa mukanyosha aravye mumafoto yanje kuri FB urashobora kubona amafoto. ariko nitegura gukora vyishi next year nacane cane iwacu muburndi.

  • Wifuza gushika kuntabuko nyabaki muribi bikorwa vyo kuririmbo

  • Eric Nsabu

    Muribibikorwa vyo kuririmba icambere nigikorwa cimana nipfuza ko Imana impa ubushobizi mundirimbo zanje zikize imitima ya beshi kwise, ica 2 ndipfuza guhimbaza Imana nkotesheje umudiho wiwacu nururimi rwiwacu nindoto yanje ko ahantu hose bahmbaza Imana mkrundi kandu birashoboka!! ikindi ndipfuza gutera intambwe kugira ngo ndirimbire muri studio nifuza. icanyuma there are great worshipers nipfuza guhura nabo mubuzma bwanje.

  • Seth Kaburungu

    Ninde muririmvyi wunurundi aririmba Gospel amaze kugushika kumutima mukuririmba neza, nibande back great worshipers wifuza guhura nabo?

  • Umuririmvyi anshika kumutima wumurundi ni Apollinaire, na Willy Wizeye, hama abo nipfuza guhura nabo ni W.Smith hamwe na Israel abonibo nipfuza guhura nabo.

  • Mukurangiza, niki wobwira abafise ingabire yo kuririmba ariko batinya kuyikoresha bivanye nuburyo canke gutinya kwindirimbo zabo zitokundwa?

  • Eric Nsabu  Ico nobabwira nuko nuko mugihe uzi ko ufise ingabire ufata ingingo imwe ntabanduka ugahitamwo nyamba uhisemwo kuririmbira Imana wemera Ihimana igucisha hose, kuko yaguhaye ingabire niyo ukugururira imiryango kuronka uburyo! kandi bisaba kwihangana no kurindira kuko speed y’Imana siyo yumwana wumutu. hanyuma kuririmba sigihecose zikundwa harinigihe ukora album hagakundwa imwe gusa! ariko kimwe novuga bisaba kwihangana, kuko na bible utubwira ngo hahirwa uwihangana agashitsa kwiherezo. uzi ko Imana yaguhaye iyo ngabire icambere nuko wewe ubwawe wemera kandi ugakunda indirimbo zawe I mean cofidance. niho nabandi bazokunda ivyawe kuko nawe wabikunze. Murakoze cane
  • Nigiki wobwira abanywanyi bumuziki hasasa nka fans bawe.

  • iconobabwira nuko ndabakunda kandi caaane, hanyumakindi nuko nipfuza kwama ndabashikiriza ibintu bisha burigihe, hanyuma harico ndabasaba nukunshigikira muburyo ubwaribwo bwose muvyiyumviro , mumasengesho, nuburyo uwubushoboye kuko nkubu mfise project yo gukora video kandi musanzwe muzi ko kugira ngo ukore video nziza bisaba amahera meshi. icanyuma nipfurije abobose, bumviriza indirimbo zanje gukogwako nubushobozi bw’Imana kuko niryo nisezerano mfise. Girumugisha.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar