Uprona: Inyuma yaho bankiwe kwinjira ku mugumya baciye bihereza amabarabara yigisagara

By  |  0 Comments

Umunsi mukuru w’urwaruka mparaniramajambere rwa Rwagasore wabaye ukuri kwamye aho biginye imyaka 47 bamaze babayeho, n’aho Francis Ngaruko avugira UPRONA irongowe na Concilia Nibigira, yari yavuze ko uwo munsi utaba batabasavye uruhusha, agasaba abo ba JRR kugirira uwo munsi mukuru mu ngoro yabo iri muri komine ya Ngarara. Mu rugendo abo ba JRR bagize mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka batowe mu gisagara ca Bujumbura ndetse n’uwatowe na komite nkuru y’uwo mugambwe kugira arongore UPRONA umushingamateka Karori Nditije. Imbere y’uko batangura urugendo, abo ba JRR bakaba bari baroye ku ngoro yabo ku Mugumya, ariko ntibemererwa kwinjira, baca baragira urwo rugendo, rwabashikanye kuri Jardin Public, ahavugiwe ijambo nyamukuru ry’uwo munsi.

Ari kumwe n’aba JRR isinzi hamwe n’abandi badasigana eka n’abakenyezi bari muri uyo mugambwe, umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA yavuze ko bitebe bitebuke azinjira mu ngoro y’umugambwe arongoye, ari kumwe n’Abadasigana isinzi bemera uburongozi bwiwe. Yasavye abirukanywe muri uyo mugambwe, abo ndetse we yita ko bahemutse, bagahemukira umugambwe wa RWAGASORE, kubavira mu mugambwe, bakaja mu mugambwe bashimye gufashanya gusambura UPRONA izuba riva.

Tukaba twobamenyesha ko muri ivyo birori vyo kwigina iyo myaka 47 bamaze babayeho abo ba JRR, bagumye bakurikirwa n’umuduga w’igiporisi, aho abo badasigana babona ko ryari nk’iterabwoba bariko baragirwako, mu gihe bari bafise na bimwe mu vyuka bikoroza amosozi. Bamwe batangazwa n’ukuntu iminsi mikuru y’imbonerakure za CNDD-FDD iba atawuriko arabiruka inyuma ababuragiza, ariko bo bakaba bagumye bagendanirwa n’umuduga w’igiporisi inyuma y’abo. Abo ba JRR bati : ’’Igiti kirakurira mu babaji’’, eka ndetse bakavuga ko batagiye guhagarika kuja ku Mugumya, mpaka basubijwe ingoro y’umugambwe wabo.

Muri urwo rugendo, abo badasigana baciye mu barabara yitirirwa uwo mugambwe washikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira. Batanguriye kwibarabara ryitiriwe Nicolas Mayugi uwo nawe yahoze arongoye uyo mugambwe UPRONA, baca baja ku kibanza c’ukwikukira, baraheza badugana ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore uwarondeye intahe yo kwikukira Y’UBURUNDI, ari nawe yatanguje uyo mugambwe, mu nyuma bafata ibarabara ryitiriwe urwo rwaruka rwa JRR, mu nyuma urwo rugendo rwarangiriye kw’ibarabara ryitiriwe Pierre Ngendandumwe yabaye umushikirangoma wa mbere w’Uburundi, ku ntwaro ya UPRONA. Muri ayo mabarabara yose, bakaba bagenda barahitana n’abari imbre y’amazu yabo, babakurikira, canke babadugiriza intoke zitatu, ikimenyetso c’uwo mugambwe.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar