Bukuru Celestin yarangije ibiteramo bitatu kuruyu musi

By  |  0 Comments

Burundian Gospel: Bukuru, Celestin twarmvise ko wari wimirije ibiteramo, kandi ko wanamaze no kubirangura, mbe washitse mubiteramo vyose twumvise?

Bukuru: EgomeIbiteramo twarabitanguye ariko ntiturabishikamwo vyose. ariko mur’unomwanya, bitatu twabihejeje

Burundian Gospel: ibindi bitatu uzobishikamwo nka ryari

Bukuru: Ejo kumusi wa kane niho tuzoheza, arikonavyo ndizera bizoturusha kuko biri mubibanza bitandukanye

Burundian Gospel: uravuze navyo bizobarusha, vyumvikane ko nuyu musi mwarushe?

Bukuru: Nivyo. Uno munsi war’uruhije cane kuko bitandukanye nivyo nahora nkora.

Burundian Gospel: bitandukanye gute?

Bukuru: Ibi vy’ubu ndaririmba indirimbo zibiri hanyuma bakaca bamanza guhabwa umwanya wo kutubaza ibibazo vy’ukuntu twashoboye kuja hamwe nabo bantu bo muri Newyork kandi atar’abarundi, ariko bagashobora kuvuza umuziki w’ikirundiakac’usanga ibibazo ari vyinshi cane.

Burundian Gospel: none ntibigorana kugirango bakuvugirize indirimbo zawe kuko basanzwe atari abarundi?

Bukuru: Aba bantu n’aba unprofessional m’umuziki. iyo bumvise ikintu baca bashaka kukivuza. ariko nanje aho tugiriye hamwe tugapanga ingene indirimbo zizohondugwa, twarabikoze, maze indirimbo zimera neza cane. Baravuza gose.

Burundian Gospel: vyagenze gute kugirango ushobore kumenyana nabo kandi wifatanye nabo mubikorwa nkivyo

Bukuru: Ninkuru ndende, ariko muncamake natanguye kumenyana na studio, bangira umu member wabu. Munyuma bamaze kwumva ibikogwa nkora, barabikunze baca banyugururira uwo muryango wo gukorana n’aba professional batandukanye ariko iyo ( Snarky puppy ), n’abanje. bavuza umuziki wanje.

Burundian Gospel:  urumva rere mumirwi yabaririmvyi yabarundi ntuzoba ukijamwo?

Bukuru: Imigwi y’abarundi nzojamwo. Ariko ngomba ico nzoshobora kwigisha abandi kuko akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze.

Burundian Gospel: Tutizehenze umengo, uri mumurwi wa UBS Gospel bimirije gusohora Album “Himbaza Collection” canke sumurwi, yoba arinkitorero yindirimbo mwungunganije hamwe

Bukuru: Oh !Kubijanye na UBS,birya biratandukanye gatoyi. Jewe ndimwo muri UBS, ariko sino kwicara ndindiye ivya UBS. nkora ikiboneka, nkagikora mumwanya kibonekeyeko. Urya n’umugwi ugizwe n’abaririmvyi bamaze kugira intambwe gatoyi, nukuvuga ko barya sabakeneye infashanyo nini cane nk’uko abo hasi bayikeneye. ariko turakeneraniye, nuko turikumwe kugira banfasha kuvyobashoboye, nanje ndabafashe kuvyo nshoboye

Burundian Gospel: None murivyo biteramo, ugenda kuririmaba urumwe?

Bukuru: Mba ndikumwe na bamwe mur’iyo group, hamwe n’abashiki banje, mbese hamwe na Jonathan rimwe na rimwe.

Burundian Gospel: urumva rero ni nka Band (Umugwi)

Bukuru: Neza cane

Burundian Gospel: Turarangiza ibiganiro vyacu, wotwibutsa ibibanza wagiye kuririmbamwo uno musi?

Bukuru: Kugeza unomwanya tumaze Kuja Kukigo c’abana bato ( Middle school ), Roanoke Main Library, hamwe na Roanoke Music hall.

Burundian Gospel: murivyo biteramo, hitaba nkabantu bangana gute?

Bukuru: Abantu aba ari benshi. Igiteramo cambere cabaye isaha cenda (3 pm ), Ico hari kukigo c’ishure. Hari huzuyemwo abanyeshure gusa. Riko icanyuma, kuko bose bari basanzwe bazi aho kiri, hariho abantu batandukanye benhi cane.

Burundian Gospel: niki ubwiye abarundi kuvyerekeye kugiriranira ibiteramo nabanyamahanga

Bukuru: Nk’uko nakubwiye, Akanyoni Katagurutse, Ntikamenya iyo bweze. Utegerezwa kwigira kubandi bantu. kwiga ntiguhera. Ariko ivyo ntavyo ushobora gukora ufise ukwibona no kwihagararako. utegerezwa kworoha no kwugururira abagusuvya bakwereke. Kuba umuntu azi ikintu kukuruta, ntibisobanura ko atacowimariye. kuko birashoboka uwo muntu akaba adashobora nawe ivyo ushobora. TURAKENERANIYE

Burundian Gospel: Bukuru Celestin, turabashimiye twizere nejo ko muzobandanya mubwira ibikorwa vyanyu kubanywanyi!

Bukuru: Okay

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar