Bukuru Celestin mugiteramo (Show) ya Ronoake City

By  |  0 Comments

Umurririmvyi rurangiranwa w’umurundi ngaho muri reta ya Virginia mugisagara ca RONOAKE, yari yaratumiwe mugiterane gikomeye c’igisagara ca Ronoake aho abaririmvyi bubwoko bwose iyo buva bukagera bwari buhari. Uno muririmvyi wacu yiyemeje gushikana umuziki w’Imana mumahanga kandi murico gisagara ni rurangiranwa nk’Umurundi. Mubiganiro twagiriraniye nawe, nukuvuga nkuko mubibona kwipica aho yari muri Interview yagiriraniye nabarongozi barongoye ivyo biterane. Muriyo Interview baramubajije iyava avuga kwari Umurundi avuka mugisagara (Komine) Rumonge, eka aranababwira kwari Umuriririmvyi aririmbira akongera ahimbaza Imana.

Muriyo Interview baramubajije ico yobwiye abanyafrika nkawe, BUKURU Celestin avuga ko igikiwiye kinini nuko umuririmvyi wese akwiye kwerekana ingabire canke impano yiwe yahawe; yaba kuvuza icombo carico cose, birakwiye kwerekana impano ywe kuko iraha ivyizigiro canke kunezereza abandi. Nuko kandi kubiganiro twagiriraniye, twaramubajije wene nkumurundi ahanuye iki abarundi baririmvyi bagenzi we. Yavuze ko abarundi dukwiye kugerageza kumenyekanisah igikorwa dukora. Umuririmvyo wese arakwiye kugenda agenda atembera kugira yige nindi vyinshi kubandi. Kandi ategeregerezwa kugiriranira imigenderanire canke ubumwe nabandi baririmvyi bagenziwe yani abo ubwoko bwose kugirango ashishikare gutera imbere mumuziki wiwe.

Murico giterane, BUKURU Celestin yashoboye kuririmba indirimbo zine, kandi barazishimye gose. Mubiganiro vyiwe yavuze kwatari igikerane cambere ariko ico kweri camubereye igihambaye kurusha ibindi biterane yahora ajamwo.

Interview yari yashushe! ibibazo vyariko birabandanya!

  

  

 

Nkuko muzibizi uno muririmvyi wacu arise band yiwe, akunze gukoresha bashikiwe biwe “Alvania, Furaha, Abbie numusore yitwa Jothan NYANDWI.

Share
Profile photo of Burundian Gospel

Share

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply

error: Copyright reserved by The Shemeza Co. ©2017
Skip to toolbar